Malala Yagizwe Intumwa y'Amahoro ya ONU

Malala Yousafzai, inyuma y'aho atorewe n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres kuba intumwa y'amahoro ya ONU

Umwigeme w’umunyepakistani, Malala Yousafzai (yoo-soof-Z-EYE ) aheruka gutahukana agashimwe kitiriwe Nobel yagenwe kuba intumwa ya ONU y’amahoro aho yasabwe gushira inguvu kukwigisha abakobwa.

Mu birori vyabereye kucicaro ca ONU kiri I New York muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa mbere, umunyamabanga mukuru wa ONU, António Guterres yarashemagije ubutwari bwa MALALA nk’umukobwa afise umutima w’urukundo.

MALALA yamenyekanye kuko yitanze mukuvugira abakobwa bari bahohotewe n’abarwanyi b’abatalibani baterekwa ko umwana w’umukobwa aja kw’ishure.

Yarashwe mu mwaka w’2015 igihe yari muri bus agiye kw’ishure ndetse biranafata igihe kitari gito kugira akire.

MALALA yatanguye kurwanira agateka k’abana b’abakobwa ko kuja kwishure agifise imyaka 11 kuntwaro y’abatalibani muri Pakistani.