Kuri FRODEBU, Ntaryamira Yabazwa Uburundi n' u Rwanda

Ibirori vyo kwibuka imyaka 23 iheze Cyprien Ntaryamira Apfuye

Kuri uyu wa kane niho hibukwa imyaka 23 iheze uwahoze arongoye Uburundi Cyprien Ntaryamira yaguye mu ndege yakorowe igeze hafi y’ikibanza c’indege c’I Kanombe mu Rwanda na mugenzi we Juvenal Habyarimana.

Ivyo birori vyitabwe na Perezida Nkurunziza n’umutambukanyi wiwe, abaserukira imigambwe hamwe n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Ivyo birori vyari vyatangujwe n’imisa yo kwibuka uwo muhisi yasomwe na Archeveque Evariste Ngoyagoye muri Catedrale Regina Mundi.

Umugambwe FRODEBU yaturukamwo usaba Leta y'Uburundi n'iy'u Rwanda kumvikana ukuri kukamenyekana hagatagwa n'indishi y'akababaro.

Ibindi twumvirize Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika m'Uburundi Eloge Willy Kaneza

Your browser doesn’t support HTML5

Kwibuka urupfu rwa Perezida Ntaryamira