Lionel Messi Yaziririjwe Inkino 4 mu Murwi wa Argentine

Lionel Messi

Lionel Messi, umukinyi akomeye aturuka mu gihugu ca Argentine, akinira umurwi w’umupira w’amaguru Barcelone wo mu gihugu ca Espagne yaziririjwe mu nkino zine z’umurwi nserukiragihugu wa Argentine. Iyo ngingo yafashwe ku musi wa kabiri n’ishirahamwe rijejwe umupira w’amaguru kw’isi, FIFA.

Messi yifatiye mu gahanga umuwnganizi w’umuhagarikizi w’urukino rw'umupira w'amaguru rw’uguhiganirwa kuja mu gikombe c’isi yose co mu mwaka uza rwariko rwahuje Argentine na Chili, rwabaye ku musi wa kane w’indwi irangiye.

Lionel Messi yahawe ico gihano kubera yatutse umwunganizi w’umuhagarikizi w’urwo rukino. Kubera izo mvo, Messi ntazogira uruhara mu rukino rw’uguhiganirwa kuja mu gikombe c’isi yose kizobera mu gihugu c’Uburusiya mu mwaka uza w’i 2018, rukino ruza guhuza umurwi nserukiragihugu wa Argentine n’igihugu ca Bolivia. Ntazokina kandi no mu nkino zizowuhuza n’ibihugu vya Bolivia, Uruguay, Venezuela na Peru.

Messi yongeye kandi atangishwa ihadabu y’amadolari ibihumbi cumi n’ijana na mirongo irindwi.

Ishirahamwe FIFA rivugako kw’ico gihano cisunze amategeko y’umurwi waryo ujejwe ukwigenza neza. Armando Perez, ayoboye vy’agateganyo ishirahamwe ry’umupira w’amaguru w'igihugu ca Argentine yatangaje ko bazokwunguruza ku ngingo y’ishirahamwe FIFA.