Guharura amajwi yavuye mu matora y’Umukuru w’Igihugu hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika birabandanya.
Gushik’ubu Umukandida Hillary Clinton w’aba Demokrate Afise amajwi 215, ku 238 y’Umukandida Donald Trump w’aba Republikani
Ama Reta ya Floride, Ohio, Pennsylvannie, Caroline y’Uburaruko na New Hamnshire nizo abakandida ukwari bompi bari bahanze amaso cane kurusha izindi.
Mur’uyu mwanya ibiro vy’amatora bitari bike bikaba bimaze gutanga ibiharuro vy’amajwi abakandida bamaze kuronka.
Aho Umukandida Trump w’aba Republikani amaze gutahukana intsinzi, canke ashobora gutahukana intsinzi akaba ari muri Alabama, Kansas, Nebraska, Wyoming, Dakota ya Ruguru na Dakota y’Epfo, Tennessee, Missouri, Mississippi, Oklahoma, Carolina y’Epfo, Texas, Ohio, Montana, mu kanya gaheze hakaba hiyongeyeko Reta ya Floride.
Nayo Umukandida Hillary Clinton w’aba Demokrate, gushika ubu afise intsinzi muma Reta ya New York (aho abo bakandida bose baturuka), Rhode Island, Delaware, New Jersey, Maryland, Massachusetts, Illinois, Reta ya Washington, n’Igisagara ca Washington D.C, Virginia na New Mexico.