Inkino mpuzamakungu za Olempike mu gisagara ca Rio de Janeiro mu gihugu ca Brezil zirabadanya. Umunyetiyopiyakazi, Almaz Ayala, niwe yatsinze ihiganwa ry’ukwiruka imetero ibihumbi cumi ku rwego rw’abapfasoni.
Mu yandi mahiganwa aza kuba kur'uyu wa gatanu, umunyamerika Michael Phelps na Katie Ledecky bariko barondera kubandanya kuba imbere y’abandi mu mahiganwa y’ukwoga.
Bariko barondera kurangiza amahiganwa y’ukwoga bari imbere y’abandi bahiganwa.
Phelps yaronse umudali w’inzahabu mu kwoga imetero amajana abiri, ku musi wa kane, ategekanya guhiganwa mu kwoga imetrro ijana kur'uyu wa gatanu, mu gihe Ledecky aza kurangiza umuhingamo w’uno musi ku wa gatanu n’ihiganwa ry’ukwoga imetero amajana umunani.
Niyo yatsinda, Ledecky azoba atsinze amahiganwa yose y’ukwoga imetero amajana abiri, amajana ane n’amajana umunani mu gisagara ca Rio de Janeiro.
Intsinzi ya Michael Phelps izoba ibaye iya gatanu azoba atahanye umudali w’inzahabu mu gisagara ca Rio. Muri rusangi azoba atsindiye umudali w’inzahabu ugira uwa 23 mu gihe amaze guhiganwa mu nkino mpuzamakungu za Olempike.
Ku vyerekeye umupira w’amaguru ku rwego rw’abapfasoni, Reta Zunze Ubumwe z'Amerika iriko ikina n’Ubusweda mu niko zo muri kimwe ca kane. Mu nyuma yaho, Ubudagi buhura n’Ubwushinwa mu gihe Canada iza gukina n’Ubufaransa. Brezila iza gukina na Australiya.