Mu Burundi hakomeje kwibonekeza ubukene bw’amafaranga y’agaciro. Abadandaza bavuga ko basigaye barindira amezi arenga atanu batararonswa ayo mahera mu gihe baba bakeneye kurangura.
Ibanki nkuru y'igihugu isigura ko ikena ry’ayo mafaranga riterwa n’iguhuhusi mu vy’ubutunzi cashikiriye n’ibindi bihugu.
Umukuru w'ishirahamwe Parcem akaba n’umuhinga mu vyerekeye ubutunzi Faustin Ndikumana amenyesha ko umuti nyamukuru ari ugukura Uburundi mu ndyane za politike. Asigura ko izo ngorane zituma igihugu kidashobora kwaka amadeni n’ukuronswa imfashanyo mu mafaranga y’agaciro.
Ku mazu yo kuvunjiramwo Ijwi ry’Amerika ryaciyeko mu gisagara ca Bujumbura, ibiciro vy’ibanki nkuru y’igihugu i dolari rimwe vyanditswe ko rigurwa hagati y’amafaranga y’Amarundi 1660 n’i1665 rikagurishwa hagati y’i 1665 n’i 1670.
Ariko igiciro c’ukuri cari hagati y’i 2650 n’i 2660 kuw’ugurisha n’i 2700 kuwuyagura. Ifaranga ry’abanyabulaya « euro » uretse ko ahenshi ritaboneka, ryagurwa 2800 rikagurishwa 2870.
Your browser doesn’t support HTML5
Abo twahuye baroye kuyarondera batashimye kuvugira kuri micro yacu batubwiye ko bumiwe batakironka n’ico bavuga. Ubwo bukene bw’amafaranga y’agaciro bwatumye ibanki nkuru ya Republika BRB ifata ingingo z’ukuyaha imigwi itatu gusa y’abagwizatunga.
Umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu Jean Ciza asigura ko ubukene bw’amafaranga y’agaciro buterwa ahanini n’igihuhusi c’ubutunzi cateye kw’isi yose.
Abadandaza barafise ibintu bitatu batanga nk’umuti. Murivyo harimwo ugucungera ingene amafaranga y’agaciro agurishwa.
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu we asaba abagwizatunga guterera umuganda mu kurondera ibindi bicuruzwa vy’ugushorera hanze. Joseph Butore yari yabakoranirije i Bujumbura kuruyu wa kabiri.
Kuva Uburundi bwitwa izina amafaranga y’agaciro ntiyari bwaduge ku rugero ariko muriki gihe.
Mbere no mu bihe igihugu cari cafatiwe ibihano mu vy’ubutunzi mu mpera z’imyaka ya 90 ibiciro ntivyigeze biduga ku rugero biriko.