Burundi: Abantu Babiri Barishwe muri Bururi

Abantu babiri barishwe barashwe, batatu barakomereka ku mutumba Kivumu muri komini ya Mugamba intara ya Bururi.

Abo bantu barasiwe mu ibare kuri uyu wa gatatu ku mugoroba isaha icumi zirenga. Mugipolisi bavuga ko bahitanywe n'amasasu abasirikare bariko barasana n abantu bitwaje ibigwanisho.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Fidelite Ishatse ni we wakurikiranye iyi nkuru mu ntara ya Bururi.

Your browser doesn’t support HTML5

Ubwicanyi muri Bururi