Kizza Besigye, umunyepolitike akomeye atavuga rumwe na reta y’igihugu ca Uganda, uno musi ku wa gatanu, yahagaritswe ubugira kabiri mu musi ibiri. Atawe muri yombi mu gihe ivyavuye mu matora vyerekana ko aza kure mu kibanza ca kabiri mu matora y’umukuru w’igihugu. Inyuma ya Perezida Yoweri Museveni.
Ivyabona bamenyesha kw’igipolisi catwaye Besigye n’abandi bategetsi bakomeye b’umugambwe wiwe, Forum for Democratic Change, kibakuye ku cicaro c’uwo mugambwe ku murwa mukuru, Kampala.
Igipolisi carashe imyuka ibabaza mu maso ku nyubakwa y’ico cicaro mu gihe abategetsi b’umugambwe, FDC bariko bagerageza guha ikiganiro abamenyeshamakuru kugira bavuge ku busuma bw’amatora bwagirizwa abategetsi.
Uwundi mukandika mu matora y’umukuru w’igihugu, Amama Mbabazi, yahoze ari umushikiranganji wa mbere, yavuye imuhira iwe aherekejwe n’abapolisi uno musi ku wa gatanu.
Imbere yaho, Mbabazi yasohoye itangazo avuga ko igipolisi cariko gihagarika abantu hanze y’aho aba, akaba yashikirije amasanamu ya videwo y’abapolisi bariko bgenzura amabarabara.
Ivyavuye mu matora vy’agateganyo vyasohowe na komisiyo y’amatora uno musi ku wa gatanu vyerekana Perezida Museveni ari imbere n’amajwi agera ku bice mirongo itandatu na bibiri kw’ijana, agakwirikirwa na Besigye n’ibice mirongo itatu na bibiri kw’ijana.
Mbabazi aza mu kibanza ca gatatu n’amajwi ari musi y’ibice bibiri kw’ijana.