Kuri igenekerezo rya 12 ukwezi kwa kabiri n’umusi mpuzamakungu wahariwe abana bakoreshwa mu ntambara enfants soldats mu rurimi rw’igifaransa.
Iri genekerezo rya 12 ukwezi kwa kabiri umwaka wa 2016, ushitse muri kino gihe mu Burundi havugwa abitwaje ibigwanisho bahungabanya umutekano.
Ishami rya ONU ryitaho abana kw'isi UNICEF, ku rubuga ngurukanabumenyi, ritangaza ko mu 2016 abana b’abarundi basubijwe mu buzima busanzwe bagera ku 3300. Aho n’inyuma y’aho umuhari PLPHT-FNL utereye igikumu na Leta y’Uburundi ku masezerano burundu yo guhagarika intambara.
None bamwe mu bakoreshejwe mu ntambara zabaye mu Burundi bakiri abana, baturuka mu ntara ya Cibitoke babayeho gute? Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Evariste Nzikobanyanka araduha inkuru kuri ico kibazo.
Your browser doesn’t support HTML5