Mu gihugu ca Centrafurika, abakandida mirongo itatu bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu bariko basaba abategetsi guhagarika iharurwa ry’amajwi mu matora yabaye kuwa 30/12/2015. Bamenyesha ko ayo matora yabayemwo utunenge n’ugutera ubwoba abatora.
Mw’itangazo abo bakandida bashikirije abamenyamakuru bakorera ikinyamakuru c’Abafaransa, bamenyesheje ko ayo matora yabayemwo akajagari basaba ko afutwa. Basavye kandi abegwa n’ivya politike ko boja hamwe kugira baganire ingene umutekano w’imiliyoni zitanu z’abanyagihugu baba muri Centrafurika.
Iryo tangazo rishikirijwe inyuma yaho ibiharuro vyambere vyasohowe kumusi wa mungu vyaha Faustin Archange Touadera yitoje nk’uwigenga amajwi 23% n’ukuvuga amajwi aharurwa ku bihumbi 139,498.
Mugihe atawari gushikana amajwi asabwa kugira atsinde mu gice ca mbere, Igice ca kabiri c’amatora cari gitegekanijwe mu kwezi kwa mbere italiki 31.
Imbere yuko ayo matora aba, abakurikiranira ibintu hafi mur’ico gihugu bari batangaje ko ayo matora kari akaryo keza kugira igihugu gisubire mu mahoro inyuma y’intambara imazie imyaka itatu hagati y’imirwi y’abarwanyi b’abakristu n’abayisilamu bafashe ubutegetsi mu mwaka w’2013.