Burundi: Ibiganiro Byatanguye Entebbe muri Uganda

Prezida Yoweli Museveni wa Uganda yatanguje ibiganiro vy’amahoro hagati ya reta y’uburundi n’abatavugarumwe nayo I Kampala mu Buganda kur’uyu wa mbere.

Ivyo biganiro bishigikiwe n’ishirahamwe rya Afurika y’Ubuseruko n’akanama ka ONU kajejwe umutekano. Bitumbereye kugarukana amahoro n’umutekano mu Burundi inyuma y’amezi atari make igisagara ca Bujumbura n’utundi duce tw’igihugu biri mu ruhagarara.

Ntibiramenyekana ko mur’ivyo biganiro bazovugana kunteko zicungera amahoro ibihumbi bitanu Ubumwe bwa Afurika n’akanama kabwo kajejwe umutekano bipfuza kurungika mu Burundi gukingira abasivile.

Umuryango w’Ubumwe bwa Afurika uheruka kuremesha Uburundi ko atacihishije inyuma y’irungikwa ry’inteko zawo mu Burundi. Ariko ku musi wa gatandatu, Abarundi baharurwa mu bihumbi barihereje amabarabara biyamiriza umuzo w’izo nteko barongowe na Visi Perezida wa mbere w’Uburundi Gaston Sindimwo.

Gaston Sindimwo yamenyesheje ko igisirikare c’Uburundi gishoboye guhagarika ubwicanyi no gukingira abasivile bataravye imigambwe baturukamwo.

Alain Nyamitwe umushikiranganji w’Uburundi n’amakungu yabwiye ijwi rya Amerika ejo kuwa mungu aho yari mu rugendo yerekeza I Kampala mu biganiro ko abatera inteko z’umutekano mu ntumbero yo guhungabanya umutekano mu gihugu bakwiye gukurwa mubazokwitaba ivyo biganiro.