Uburayi n'Uburundi mu Mishyikirano y'Inkunga

Umuryango w’Ubumwe bw’Ubulayi ubona ko Reta y’Uburundi itubahirije ibintu bihambaye biri mu ngingo y’icenda y’amasezerano ya Cotonou.

Ibiganiro na Reta y’Uburundi, vyatumye haba imibonano hisunzwe ingingo ya mirongo icenda na gatandatu y’amasezerano ya Cotonou, mu mugambi w’ukwihweza ukugene ibintu vyifashe mu Burundi n’inyishu zishoboka, kugira vyubahirize ibintu nyamukuru biri mu ngingo y’icenda y’ayo masezerano, n’ukuvuga uburenganzira bw’ikiremwa muntu, imigambi ya demokrasi na Reta igendera ku mategeko.

Inyuma y’imibonano yabereye i Bruxelles kw’italiki umunani z’ukwezi kw’icumi na kabiri, umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi wateze amatwi ivyashikirijwe na Reta y’Uburundi, n’ukwiyemeza kwayo ku vyerekeye gutomora neza ku bibazo vyabajijwe.

Yamara umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi ubona kw’ivyashikirijwe na Reta Y’Uburundi kuho ihagaze bidakura mu nzira muri rusangi ibitubahirijwe mu bintu bihambaye bisabwa. Ivyashikirijwe na Reta y’Uburundi ntibifasha kwishura ku buryo buhagije ku ngingo z’urwego rujejwe amahoro n’umutekano w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika zo kw’italiki 17 z’ukwezi kw’icumi n’italiki 13 z’ukwezi kw’icumi na rimwe, cane cane ku gikorwa nkenerwa c’ukugirisha ibiganiro vyihutirwa ata numwe bikumira, bifatiye kw’iyubahirizwa ry'amasezerano ya Arusha.

Imibonano yarangiye, ingingo zikwiriye zikazoshikirizwa inzego zijejwe gufata ingingo z’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi.

Umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi uzobandanya gukwirikiranira hafi ibibera mu Burundi, urwo rwego rukaba rwiteguriye ibiganiro vyubaka, niyo intambwe ziboneka kandi zizigiwe zafatwa na Reta y’Uburundi, mu bituma ibintu bihambaye biri mu masezerano ya Cotonou vyubahirizwa.