Abashikiranganji bajejwe ibidukikije baturuka mu bihugu birenga 150 batanguye gutora utunenge integuro y’amasezerano agamije kuraba ingene ihindagurika ry’ibihe ryotorerwa inyishu
Abo bashikiranganji bakoreye mu ngata abahinga bari bamaze indwi biga ahanini ingene ibihugu vya rutura mu butunzi vyogabanya ivyuka birungika mu kirere, bikongera bigafata mu mugongo ibihugu bikenye bikorwako n’ ingarukambi z’ihindagurika ry’ibihe.
Umufasoni Renilde Ndayishimiye ari mubahinga bateguye iyo nteguro y’amasezerano akavuga ko igikorwa kitoroshe kuko hari ingingo nyishi abahinga bava mu bihugu bikenye n’ibitunze batahurijeko .
Zimwe mu ngingo zigiteye impari, harimwo ubwoko bw’amasezerano yoboneka uko yoba ameze nuko yoba yitwa. Uruhande rumwe rwifuza itegeko ryogenga bose, mugihe urundi ruhande rubonako ivya metegeko boba baravyihoza hakaboneka nyabuna amasezerano atunganiriza bose.
Ikibazo c’ikigega co gufasha ibihugu bikenye kwisununura muvy’ubutunzi bitononye ibidukikije naco nyene nticunvikanweko n’impande zose. Ariko naho biri uko,Laurent Fabius yatowe nk’umukuru w’ino nama akaba asanzwe ari n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubufaransa n’ibindi bihugu, arahumuriza avugako naho igikorwa kikihari, hari intambwe yatewe.
Abashikiranganji ku ruhande rwabo, bemera ko ku musi wa gatanu ayo masezerano azoba yabonetse kandi akunvikanwako na bose. Ari nkahamwe yoramuka abonetse, bitegekanywa muri iyo nteguro yayo ko yoca aja mu ngiro mu mwaka 2020.
Mu mashirahamwe yigenga, babandanya basaba ubutungane bw’ibidukikije n’ibihe. Kuri uno wambere, abari muri ayo mashirahamwe bazindutse barakora imyiyerekano ahabera inama ngo babwire abashikiranganji babo ko umwanya wogutorera inyishu Ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe ari uyu.
Your browser doesn’t support HTML5