MSF Ivuga ko Amazu yayo Yatewe muri Yemeni

Abaganga b’abagiraneza bo mwshirahamwe Medecins Sans Frontieres, kuri uno musi wa kabiri batangaza ko ibitero vy’inshi vyagizwe n’urunani rw’ibihugu biyobowe na Saudi Arabiya muri Yeme, vyagizwe ku nyubakwa yabo iri ku mugwa mukuru.

Iryo shirahamwe ryabitanganje kuri site yabo ya Twiter, aho bamenyesha ko ku nyubakwa yabo iri Sana, harimwo abakozi bayo igihe ivyo bitero vy’amabombe vyagigwa.

Iryo shirahamwe MSF (mumfunyafunyi y’igifaransa) ntiwamenyeshaje buno nyene igitigiri c’abayo bahitanywe n’ico gitero.

Urunani rw’abasirikare b’ibihugu biyobowe na Saudi Arabiya rwatanguye kugira ibitero vyo mukirere kubarobeli baba Houthi muri Yemen kuva mu kwezi kwa gatatu, aho abo barobeli batuma umukuru w’igihugu Abdu Rabu Mansour Hadi ahunga igihugu. President Hadi yahavuye agarukanwa mu gihugu i bitero vyo mukirere kumwe nivyo kubutaka bitanguye kugigwa bigafasha kugarura ibice bitari bike vy’ubutaka abarobeli bari barafashe.

Mu ntango z’uku kwezi kwa cumi, abasirikare ba reta zunze ubumwe za America barateye bombe ku nyubakwa y’iryo shirahamwe ry’abaganga babagiraneza ba Medecins Sans Frontieres ahitwa Kunduz muri Afghanistan, bica abantu 30. Amatohoza kurico gitero cagizwe, yaratanguye kugigwa n’akagwi mpuzamkungu kigenga.