Burundi: Ubwicanyi Buteye Ubwoba mu Kirundo

Hari ibiziga 2 vy'umugabo n'umugore wiwe vyatowe mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishyira kuwa gatatu ku mutumba Muramba komini ya Kirundo. Aha ni mu buraruko mbw'Uburundi.

Mu gipolisi bavugako batewe grenade kumusi wa 6 n'abantu bataramenyekana. Hirya gato ku mutumba wa Renga muri komini Busoni haraye hatewe grenade mu rugo rw'umwigisha yaheruka guhunguka.

Ni mugihe murico gice nyene gihuriramwo amakomine ya Kirundo na Busoni haraye hongera hazinduka uruhagarara aho abanyagihugu benshi bitwaje ibibando n'imipanga bashwaye imisozi bavugako bariko barondera inkozi z'ikibi zitwaje ibigwanisho.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'AMerika Jean Bosco Ndarurinze yakurikiranye iyi nkuru mu Kirundo.

Your browser doesn’t support HTML5

Ubwicanyi mu ntara ya Kirundo mu buraruko bw'Uburundi