Umutegetsi w’Umunyamerika yatangaje ko Departement ya Reta ya Amerika yategetse umudiplomate aserukira Ubuhindi, Devyani Khobragade, kuva muri Amerika, kubera yagirizwa ko yabeshe, mu gusabira visa umukozi wiwe wo mu nzu.
Umuvugizi wa Departement ya Reta ya Amerika, yameneysheje Khobragade, yari akiri muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ku muhingamo w’ejo ku musi wa kane, yamara ko yiteze kw’azova muri Amerika vuba.
Uwo muvugizi wa Departement ya Reta ya Amerika, yamenyesheje bakwirikije ukw'ibintu bigenda, abategetsi ba Amerika bemeye ivyasabwe n’igihugu c’Ubuhindi vyuko Khobragade, yari umu Consul, aba umu diplomate yuzuye, mu vyatumye bimuha uburenganzira bw’ugudakwirikiranwa.
Ubuhindi, mu nyuma yaho, bwaranse ivyasabwe na Amerika, vyuko bamukurako ubwo burenganzira bw’ukudakwirikiranwa, mu vyatumye abategetsi ba Amerika basaba kw’ava mu gihugu.
Umuvugizi wa Departement ya Reta ya Amerika, yavuze kw’ivyagirizo, Khobragade, akwirikiranwako, bizogumizwaho.
Abategetsi ba Amerika bahagaritse, Khobragade, mu kwezi guheze. Bamwagiriza ko yahemvye umukozi wiwe wo mu nzu, amafranga ari musi y’umusharara wo hasi wejmewe n’amategeko, usanzwe utangwa, yongera arabesha, ku vyerekeye uwo mushahara, mu gusabira visa uwo mukozi wo mu nzu.