Sentare Nkuru yo Muri Somalia Yararekuye Abdiaziz Abdinur, Umumenyeshamakuru Yavuze kw’Ifatwa ku Nguvu ry’Umupfasoni.

  • VOA Africa

Umumenyeshamakuru afise ifoto ya Abdiaziz Abdinur

Sentare nkuru, muri Somalia, yararekuye umumenyeshamakuru, Abdiaziz Abdinur, yari yapfunzwe, kubera yagiranye ikiganiro, n’umupfasoni avurwa ko yafashwe, ku nguvu, n’inteko zijejwe umutekano muri Somalia.

Abdiaziz Abdinur n’uwo mupfasoni avurwa ko yafashwe, ku nguvu, n’inteko zijejwe umutekano, bari baciriwe umunyororo w’umwaka, ku vyagirizo vyuko batukishije icubahiro c’igihugu, kandi bagize ivyo vyagirizo vy’ibinyoma ,kugira baronke amafranga.

Abdinur, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, ejo ku musi w’Imana, ko yashimishijwe n’ukuba yararekuwe, akaba yamenyesheje kw’ivyamushikiye bitazomubuza kubandanya igikorwa ciwe, c’ukumenyesha amakuru.

Uwo mupfasoni, avurwa ko yafashwe, ku nguvu, n’inteko zijejwe umutekano, muri Somalia, yatangaje ivyo vyabaye, igihe yaba mw’ikambi y’abata,yye izabo, ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho.

Ivyo vyatumye amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka muntu, nka Human Rights Watch, na The Committee to Protect Journalists, ahaguruka, ayo mashirahamwe, akaba yavuze kw’ivyashikiye uwo mufpasoni, n'umumenyeshamakuru, Abdiaziz Abdinur, vyari bifatiye ku mpamvu za politike.

Your browser doesn’t support HTML5

Irekurwa ry'Umumenyeshamakuru, Abdiaziz Abdinur, muri Somalia