Uko wahagera

Zimbabwe Izokora Amatora Rusangi kw'Itariki 23 z'Ukwa Munani


Chamisa
Chamisa

Zimbabwe izotunganya amatora y'umukuru w'igihugu n'ay'abashingamateka kw'italiki 23 y'ukwezi kw'umunani.

Prezida Enmerson Mnangagwa, yatangaje iyi tariki, kandi yatowe mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’i 2018, azoba ariko arondera kwitoza mu kiringo kigira kabiri. Ico gihe, ugutorwa kwiwe kwabaye inyuma ya kudeta y’igisirikare yakuye ku butegetsi Robert Mugabe mu mwaka w’i 2017.

Uwuhiganwa bikomeye na Emmerson Mnangagwa, afise imyaka 80, ni umupasitori akongera akaba ari n’umunyamategeko, Nelson Chamisa, afise imyaka 45. Ni we mukuru w’umugambwe mushasha uherutse gushingwa, “Citizens Coalition for Change”, CCC, mu mfunyapfunyo.

Ivyatangajwe na Prezida Mnangagwa ku bijanye n’amatora mu gihugu bibaye mu gihe hari impari mu nama nshingamateka ku vyerekeye gutunganya gushasha ibijanye n’amatora.

Abahinga mu vya politike bavuga ko hamwe guhinyanyura ivyerekeye amatora bitokorwa imbere y’amatora, bishobora gutuma haba ayandi matora arimwo amatati.

Prezida Mnangagwa yatangaje ko reta yiwe iyobowe n’umugambwe, ZANU-PF, yakoze neza mu gusubira gukorana n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi. Yavuze ko ibihano ibihugu bikomeye vyafatiye Zimbabwe ku bijanye n’ibibazo vy’ubutunzi vy’igihugu ciwe hamwe no kudashobora kuriha amadeni Zimbabwe ifitiye amakungu ari vyo vyatumye igihugu kidashika ku migambi cari cishinze. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG