Uko wahagera

USA Yasubiye mu Kanama ka ONU Kajejwe Agateka ka Zina Muntu


Antony Blinken, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'yandi makungu
Antony Blinken, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'yandi makungu

Reta ya Amerika izosubira mu kanama ka ONU kajejwe agateka ka zina muntu nk’indorerezi. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, yabitangaje kuri uno wa mbere.

Mw’itangazo uwo mutegetsi yasohoye, yasiguye ko ino ngingo yafashwe mu rukurikirane rw’izindi ngingo ubutegetsi bwa Perezida Joe Biden buriko burafata, zifise intumbero yo gusubiza Amerika muri politike “y’amakungu ishingiye kuri demokarasi n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.”

Reta Zunze Ubumwe z’Amerika yari yavuye muri ako kanama mu 2018 ku ntwaro ya Perezida Donald Trump. Ico gihe, Trump yasiguye ko ako kanama "kagwanya Isirayeri ata mvo ifadika", kakaba karimwo n’ibihugu bitubahiriza agateka ka zina muntu nk’Ubushinwa, Cuba na Venezuela.

Antony Blinken, mw’itangazo ryiwe nawe, yagarutse kuri bimwe muri ivyo vyagiriji ariko ashimangira ko uko kwiyonjora vyateye igihengeri c’ubuyobozi bw’Amerika muri ako kanama, ibihugu bitwaza igikenye bivyuririrako aho guhindura ingendo.

Uwo mutegetsi yagize ati:“ Kugira dukosore ibitangenda neza muri aka kanama, dutegerezwa kukajamwo, tugakoresha igihagararo cacu mu vyerekeye imigenderanire.” Amerika itegekanya ko mu misi iri imbere, izosaba kuja muri ako kanama nk’igihugu kigasasamwo ubutayegayezwa, ikareka kuba indorerezi. Amatora y’ibihugu bisaba kukinjiramwo azoba mu mpera z’uno mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG