Uko wahagera

USA: Imiriro Ikomeje Kubangamira Reta ya Oregon Imaze Guhitana 2


Imiriro itari bwaboneke iriko irakiyogoza muri Reta ya Oregon muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Bulamatari wa Reta ya Oregon, Kate Brown avuga ko iyo miriro ifise ingaruka zikomeye cane. Abantu 2 baramaze guhitanwa n’iyo miriro mu gihe imbeya zayo zahitanye amazu ibihumbi n’ibihumbi.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku muhingamo wo ku musi wa gatatu, bulamatari Brown yavuze ko hegitari zirenga 121,000 ziriko zirasha muri Reta yiwe, n’ukuvuga kilometero kwadrato zirenga 1,294.

Avuga ako ibisagara 5 vyasambuwe n’iyo miriro. Yiteze ayandi makuru mabi mu misi iri imbere. Imiriro muri Reta ya Oregon yadutse ku musi wa mbere, yatewe n’imiyaga myinshi yo mu gihe c’ici ifise umuvuduko w’ibilometero 120 kw’isaha. Imiyaga ikomeye cane yarabandanije ku musi wa gatatu mu gice kinini ca Reta ya Oregon no muri Reta bihana urubibe ya Washington.

Imiriro yariko yaka mu bice 7 vyo muri Reta ya Oregon no mu bice vyegereye igisagara kinini cane muri iyo reta ca Portland. Abantu bahaba bategetswe kwitegurira gushobora kuhavanwa. Bulamatari, Kate Brown yategekanije uburyo bwa Reta yiwe kugira bukoreshwe mu bice vyose bukenewemwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG