Abantu babiri bahitanywe n’amasasu yamijaguwe mu kibanza gikinirwamwo umukino wa Billiard mu gisagara ca Miami kiri muri reta ya Florida iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Igiporisi c'aho vyabereye cavuze ko mu masaha ya kare cane kuri uno wa Mungu, abantu batatu bitwaje inkoho basohotse umuduga barimwo, batangura kurasa ahari hateramiye abatari bake, bahejeje baca bahunga bakoresheje uwo muduga nyene.
Abakomeretse nkuko igiporisi kibandanya kibivuga ni n’imiburiburi 20. Ico kibanza cariko gikinirwamwo Billiard kikanakorerwamwo ubucuruzi butandukanye cariko kiberamwo igiteramo.
Ibitero bikorwa n’abitwaje inkoho mu bibanza biba biteramiyemwo abantu, amashure n’ahakorerwa ubudandaji muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika bisa nk’ivyabaye akaranda. Mu kwezi guheze, Prezida Joe Biden yavuze ko iki kibazo kimereye nabi Amerika.
Ishirahamwe ryigenga, Gun Violence Archive, rivuga ko mu mwaka uheze abarenga ibihumbi 43 baguye mu bitero vy’abitwaje inkoho mu ma reta atandukanye y’Amerika.
Facebook Forum