Uko wahagera

Uruhara rw'Abasilikare ni Uruhe mu Matora yo muri Nijeriya?


Umunyepolitike atavuga rumwe na reta ya Nijeriya, Atiku Abubakar ariko aritoza mu matora y’umukuru w’igihugu, yateye akamo abasirikare kabasba kutisuka mu vyerekeye amatora y’umukuru w’igihugu, akaba yavuze kw’igisirikare ata ruhara na rumwe gikwiye gukora mu vyereyeke amatora.

Mu kiganiro yashikirije kuri television y’igihugu uyu musi ku wa kabiri, Atiku Abubakar yanebaguye amajambo yashikirijwe na Prezida Muhammadu Buhari mu misi iheze, igihe yatera akamo gasaba igisirikare guhasha abantu bose bazogerageza gutoba amatora.

Amatora y’umukuru w’igihugu muri Nijeria yari yategekanijwe kw’igenekerezo rya 16 ry’uku kwezi kwa kabiri, yahavuye ku munota wa nyuma, yimurirwa kw’igenekerezo rya 23 ry’uku kwezi kwa kabiri. Iyo ngingo yaratumye uruhagarara rwiyongera.

Umurwi ujejwe gutunganya amatora wasiguye ko war’ukeneye uwundi mwanya kugira ngo utegure amatora meza, azoba yemewe na bose.

Umugambwe uri ku butegetsi hamwe n’abatavuga rumwe nawo, bose baranebaguye iyo ngingo y’umurwi ujejwe gutunganya amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG