Umumenyeshamakuru Judith Basutama akorera iradiyo y’Abongereza mu Burundi, BBC, yarengutse imbere y’umushikirizamanza mukuru akukira sentare nkuru ya komine Mukaza iri muri Mairie ya Bujumbura mu Burundi.
Umushingwamanza wiwe Eric Ntibandetse, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko uwo aburanira yabajijwe ku nkuru yatangarije BBC itariki 12 z’uku kwezi kwa gatatu, ijanye n’ingingo y’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD FDD, yemeza Perezida Nkurunziza nk“Imboneza yamaho mu mu gambwe.”
Maître Eric Ntibandetse yavuze ko ku mvo z’amatohoza, ivyo Judith Basutama yagirizwa n'ivyo yababajijwe n’ubutungane bitaragera kuja ahabona.
Ingingo yemeza umukuru w'igihugu c'Uburundi nk'imboneza yamaho mu mugambwe, yafatiwe mu nama y'abagize komite nkuru ya CNDD FDD ku magenekerezo ya 9 na 10 Ntwarante uno mwaka mu ntara ya Ngozi iri mu buraruko bw' Uburundi.
Abatavuga rumwe na Reta y'Uburundi ntibashimye iyo ngingo, bafata nka bumwe mu buryo bwo gushaka kugumiza ku butegetsi Perezida Nkurunziza.
Umumenyeshamakuru Judith Basutama amaze imyaka 29 mu mwuga wo kumenyesha amakuru.
Facebook Forum