Umukuru wa sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro muri Alijeriya, Taïeb Belaiz, kuri uno wa kabiri yatanze imihoho.
Televiziyo nkuru y’igihugu yatangaje ayo makuru yavuze ko Taïeb Belaiz yabwiye abagize iyo sentare ko yarungikiye ikete ryo kwegura prezida w’imfatakibanza Abdelkader Bensalah.
Belaiz akinjuye inyuma y’indwi zitari nke abanyagihugu bakora imyiyerekano yo gusaba ko ba somambike bose ba Prezida Abdelaziz Bouteflika aheruka kwegura nabo botanga imihoho.
Abo ba somambike ba Bouteflika bagizwe ahanini na Taïeb Belaiz, Prezida Abdelkader Bensalah hamwe n’umushikiranganji wa mbere Noureddine Bedoui.
Abdelkader Bensalah imbere yo kwemezwa nka prezida w’imfatakibanza yavugira inama nshingamateka ya Aljeriya. Arahira yasavye abanyagihugu gutekana abizeza ko amatora ategekanijwe ku igenekerezo rya kane ukwezi kw’indwi azoba mu muco. Abanyagihugu ayo majambo ntaco yababwiye kuko bakomeje kwiha amabarabara basaba ko abari mu “kwaha” kwa Bouteflika bose babaviraho.
Taïeb Belaiz yeguye mu kibanza c’umukuru wa sentare ntahinyuzwa yamaze imyaka 16 ari muri Reta ya Bouteflika imbere y’uko amugena mu kwa kabiri nk’umukuru w’urwo rwego rwahawe kuzokwemeza canke guhakana abakandida mu matora yo gusubiriza Prezida Abdelaziz Bouteflika w’imyaka 82 aheruka kwegura inyuma y’imyaka 20 yari amaze ategeka Alijeriya.
Facebook Forum