Uko wahagera

Umuhungu wa Moammar Gadhafi Azokwitoza mu Matora ya Libiya


Saif al-Islam al-Gadhafi ari ahakorera umurwi ujejwe gutegura amatora muri Libiya
Saif al-Islam al-Gadhafi ari ahakorera umurwi ujejwe gutegura amatora muri Libiya

Umuhungu wa Moammar Gadhafi yahoze ari prezida wa Libiya ari mu bazohiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe muri Libiya mu kwezi kwa cumi na kabiri uno mwaka.

Saif al-Islam al-Gadhafi w’imyaka 49 muri videwo yacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi yabonetse ariko ashira umukono ku mpapuro zo kwitoza ahakorera umurwi utegura amatora mu gisagara citwa Sebha kiri mu majepfo ya Libiya.

Abandi bamaze kumenyekana ko bazokwitoreza ikibanza ca perezida muri Libiya barimwo Khalifa Haftar ari mu ntwazangabo nkuru z’igihugu, Umushikiranganji wa mbere Abdulhamid al-Dbeibah n’umuvugizi w’inama nshingamateka Aguila Saleh. Umuhungu wa Moammar Gadhafi, Saif al-Islam al-Gadhafi, mu bazokwitoza ni we azwi cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG