Ukraine yatanguje inama yo kuraba ingene yogondoza Uburusiya ku kibazo co kwigarurira intara ya Crimea. Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskiy, ni we yuguruje iyo nama iriko ibera ku murwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, ikazomara imisi ibiri.
Abategetsi b’ibihugu 46 barimwo abagize ishirahamwe NATO ni bo bayitabiriye. Reta zunze ubumwe z’Amerika zaserukiwe n’umushikiranganji ajejwe ivy’umuyagankuba, Jennifer M. Granholm.
Uburusiya bwigaruriye intara ya Crimea mu 2014. Bumaze kuyigarurira, Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya n’Amerika bwafatiye ibihano Uburusiya. Ibihugu bitari bike na vyo nyene bivuga ko ukwigarurira iyo ntara binyuranye n’amategeko. Inama yatanguye kuri uno wa mbere igamije kuraba ingene intara ya Crimea yosubizwa Ukraine.
Mw’ijambo prezida wa Ukraine yavuze yugurura inama y’uno munsi, yashimangiye ko iyo ntara yahoze ifatwa nk’ikibanza c’ukuruhukiramwo ku banyagihugu ba Ukraine, ubu yahindutse urubuga ruhonyangirwamwo agateka ka zina muntu.
Uburusiya bubicishije ku muvugizi wa Reta yabwo, bwavuze ko inama y’uno munsi ata kindi igamije atari ukurwanya ico gihugu.
Amwe mu makuru ari muri ino nkuru Ijwi ry’Amerika riyakesha itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, n’iry’abongereza, Reuters.
Facebook Forum