Uko wahagera

Ubwongereza Bwongewe Ikiringo co Gukinjura mu Bumwe bwa Bulaya


Umuryango w’ubumwe bwa Buraya wemeye icipfuzo c’Ubwongereza co kwongerwa ikiringo ntabanduka co gukinjura muri wo.

Umwe mu bakozi bo hejuru muri uwo muryango, atashimye ko amazina yiwe atangazwa, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko mu nama yabereye i Buruseri uno musi ku wa gatanu ibihugu vyose bigize uwo muryango vyasanze ari ngombwa ko Ubwongereza bwongerwa umwanya.

Ubwongereza bwari bwasavye ko bwokongerwa ikiringo c’amezi atatu. Ubundi bwari gukinjura igenekerezo rya 31 uku kwezi kwa cumi.

Intumwa z’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Bulaya zatandukanye ariko zidatomoye nimba zemeranije kuri iyo nyogera y’amezi atatu canke hari ikizohinduka. Bitegekanijwe ko ivy’ikiringo bongewe bidadanuka mu yindi nama yitezwe mu ntango z’indwi iza.

Bubaye ubugira gatatu isango ryo gukinjura k’Ubwongereza muri uwo muryango, Brexit, ryegezwa inyuma. Ejo umushikiranganji wa mbere Boris Johnson w’Ubwongereza yasavye ko hatunganywa amatora rusangi imbere y’igihe yobereyeko.

Mu gihe kugira uwo mugambi wiwe ushoboke bisaba ko ashigikirwa na bibiri vya gatatu vy’abagize inama nshingamateka. Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yavuze ko izokora ibishoboka vyose ikawuburizamwo kugera Ubwongereza bwongewe ikiringo co kuvana akarenge mu muryango wa Bulaya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG