Uko wahagera

Ubwicanyi Bushingiye ku Moko Bwahitanye 41 muri Mali


Ikarata ya Mali
Ikarata ya Mali

Abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye bari ku mapikipiki barateye ibisagara bitoyi mu gice co hagati mu gihugu ca Mali. Ico gitero cahitanye abantu 41 mu gice co hagati mu gihugu aho ibitero vy’ukwihora bifatiye ku bwoko vyiyongeye mu mezi arangiye.

Ivyo bitero vyabaye ku musi wa mbere ku muhingamo mu mihana y’ahitwa Yoro na Gangafani 2. Ico gitero cunyuye umutekano muke wari usanzwe urangwa mu gice co hagati muri Mali. Muri ico gice abagwanyi bava mu bwoko butandukanye kenshi baragandagura abasivile badasangiye ubwoko. Abarwanyi b’abayislamu barakorera kandi muri ako karere.

Abahitanywe n’igitero co ku musi wa mbere bari bagizwe ahanini n’abo mu bwoko bw’aba Dogon aho abantu 24 bishwe. Abandi 17 barapfuye mu mihana y’ahitwa Gangafani 2.

Abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye bari ku mapikipiki bateye igisagara gitoyi ca Yoro batangura kurasa abanyagihugu. Mu nyuma yaho bagiye mu gisagara gitoyi ca Gangafani 2, kiri ku bilometero 15 umuntu avuye mu gisagara ca Yoro.

Ibitero vy’ukwihora vyabaye mu mezi ya vuba biri hagati y’abahigi bo mu bwoko bw’aba Dogon n’aborozi b’aba Fulani.

Abikekwa ko ari aba Fulani baragize igitero mu mihana y’aba Dogon mu ndwi iheze, bica abantu 35.

Mu kwezi kwa gatatu, abikekwa ko ari abarwanyi b’aba Dogon bishe aba Fulani barenga 150 mu bisagara bibiri biri mu gice co hagati mu gihugu ca Mali. Bumwe mu bwicanyi bukabije cane bwabaye muri Mali mu bihe vya vuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG