Urwero rwa gisirikare ruyoboye igihugu ca Sudani muri iki gihe n’urunani rw’abaharanira demokarasi vyashitse ku masezerano y’ugusangira ubutegetsi mu kiringo mfatakibanza imbere y'uko buhabwa abasivile.
Ayo masezerano arimwo gushiraho Reta yigenga iyobowe n’umushikiranganji wa mbere. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu, intumwa y’umuryango w’ubumwe bwa Afurika, Mohammed el-Hassan Labat yatangaje ko izo mpande zibiri zumvikanye ku vyerekeye gushiraho urwego rwigenga, ubuyobozi bwarwo buzogenda burahererekanywa hagati y’igisirikare n’abasivile mu kiringo c’imyaka itatu canke irenga gato.
Ku bwa Labat, izo mpande zompi zarumvikanye kandi ko urwo rwego ruzoba rugizwe n’abasirikare 5 n’abasivile 5. Hazokwiyongerako kandi ikibanza c’umusivile azi ivya gisirikare.
Ayo masezerano yashitsweko inyuma y’imisi ibiri y’ibiganiro bikomeye vyabereye ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum. Bishobora guhagarika uruhagarara rwa politike rwari ruhari kuva igisirikare gikuye ku butegetsi Prezida Omar al-Bashir mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka w’i 2019.
Ibiganiro vyerekeye amasezerano y’ugusangira ubutegetsi vyari vyahagaze kw’italiki 6 y’ukwezi kwa gatandatu igihe inteko zijejwe umutekano zagerageza gushwiragiza abari mu myiyerekano imbere y’icicaro gikuru c’igisirikare i Khartoum.
Abantu barenga 250 barishwe kuva imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida al-Bashir itanguye mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze w’i 2018.
Facebook Forum