Uko wahagera

Uburusiya Bwagwije n'Ubusa Impungenge z'Ubufaransa ku vya Mali


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n'amakungu, Sergei Lavrov.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n'amakungu, Sergei Lavrov.

Uburusiya Butangaza ko Buzobandanya Guha Ibirwanisho Mali

Uburusiya bwihojeje impungenge z'Ubufransa ku masezerano yerekeye abacangero bushobora kugirana n'igihugu ca Mali. Uburusiya butangaza ko bufise imigambi y’ukubandanya guha ibirwanisho Mali.

Abaserukira ibihugu vyabo hamwe n’abajejwe umutekano bamenyesha ko abategetsi b’abasirikare ba Mali bari hafi y’ukwakira ku butaka bw’igihugu cabo abacangero bavuye mu Burusiya. Ivyo bikaba biteye impungenge Ubufransa bufise inteko ibihumbi n’ibihumbi muri ico gihugu ziriko zirwanya intagondwa z’abayislamu mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.

Yamara umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yerekanye ko igihugu ciwe kitazohindura inyifato yaco kuri ico kibazo imbere y’ibiganiro bitegekanijwe kubera i Paris mu Bufransa ku wa gatanu. Ubufransa bwatangaje ko buzoshikiriza ico kibazo muri ivyo biganiro.

Sergei Lavrov avuga ko reta ya Mali ifise uburenganzira bw’ukurondera gufashwa n’isosiyete y’igisirikare ikora ku giti cayo.

Mu vyo yavuze ari kumwe na mugenzi we w’igihugu ca Mali, Abdoulaye Diop, inyuma y’ibiganiro i Moscou, Lavrov yatangaje ko ata ruhara Reta y’Uburusiya ifise mu masezerano nkayo.

Umushikiranganji Diop yatangaje imbere y’ibiganiro na Sergei Lavrov ko igihugu ciwe kiri mu bibazo bikomeye, ko kubera izo mvo gishobora gukenera imfashanyo y’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG