Inama nkenguzamateka y’Uburundi yifatiye mu gahanga abashingamateka 43 b’Umuryango w’ibihugu vya Bulaya. Mu rwandiko yashize ahabona, umukuru w’inama nkenguzamateka yabwiye abo bashingamateka ko barenze akarimbi mu "kuvogera no mu kwisuka mw’itunganywa ry’Uburundi kandi ari igihugu cigenga"
Inama nkenguzamateka y'Uburundi ibivuze ifatiye ku rwandiko abashingamateka 43 b’Umuryango w’ibihugu vya Bulaya baheruka kwerekana aho bahagaze ku ngendo yo gusubria kwunga ubucuti hagati y’Uburundi n’ibihugu bigize uwo muryango. Abo bashingamateka, bari bandikiye icegera c’uwutwara komisiyo y’Ubumwe bwa Bulaya, akaba n’intumwa idasanzwe ijejwe ibibazo vy’imigenderanire n’umutekano, bamucira agace ko Ubulaya bwohagabira mu gusubira kwunga ubucuti n’Uburundi.
Kuri bo, ntiharagera kuko bemeza ko hacibonekeza ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, ubwicanyi, gufata abagore ku nguvu n’ugufungira abantu ubusa canke kubanyuruza hamwe n’ihohoterwa. Berekanye ko ayo mabi akorerwa cane cane abatavuga rumwe na reta. Bibukije ko ico ari naco cari catumye umuryango wa Bulaya ufatira ibihano Uburundi kuva mu mwaka w’2016.
Mu kubishura, uwutwara inama nkenguzamateka y’Uburundi yabwiye abo bashingamateka ko ubu Uburundi buramutswa inzego nshasha zitorewe n’abanyagihugu kandi ko zibitayeho. Honorable Emmanuel Sinzohagera yibukije mu majambo yiwe ko ari “Reta mvyeyi, Reta nkozi”.
Kubw’Inama nkenguzamateka y'Uburundi, abashingamateka ba Bulaya bararengeye akarimbi Uburundi kandi ari igihugu cigenga. Iyo nama nkenguzamateka ibona ko ivyagirijwe reta y’Uburundi vyose ari ibinyoma kandi ko ata kindi bigamije atari ugucafuza igihugu.
Umukuru w’Inama nkenguzamateka y'Uburundi yemeza ko ivyerekeye agateka ka zina muntu, reta ivyitwararitse cane, agashima ko n’impunzi zimaze kubibona kuko kubw’iwe ziriko ziratahuka ku bwinshi. Yibutsa abashingamateka ba Bulaya ko n’inama ijejwe umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yabishimangiye mu gukura Uburundi ku rutonde rw’ibihugu birimwo umutekano muke.
Iruhande yo gutangara, yifatiye mu gahanga abashingamateka 43 ba Bulaya ko boreka kwisuka mw’itunganywa ry’Uburundi, no kwifatanya n’abansi b’igihugu. Yemeza ibiganiro vyo kunagura imigenderanire hagati y’Uburundi n’amakungu harimwo n’ibihugu vya Bulaya bizobandanya.
Yamara aha, abashingamateka 43 ba Bulaya, na bo baremeza ko ibiganiro ari vyiza, mu gihe Uburundi bwokwerekana ko bufise ugushaka kwo kunagura ibijanye n’agateka ka zina muntu. Basaba reta y’Uburundi gufuta imitahe yahawe abamenyeshamakuru n’abaharanira agateka ka zina muntu bagirizwa kuba bari mu bashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka 2015, hamwe no guhagarika ihohoterwa rikorerwa abatavuga rumwe na Reta.
Aha, Uburundi bwerekana ko ari igihugu cigenga, ko ata munyabulaya akwiye kugitegeka ibijanye n’intwaro rusangi. Mu ntango z’uku kwezi, ni ho abaserukira umuryango w’ibihugu vya Balaya batanguye ibiganiro n’Uburundi vyo kunagura imigenderanire yatosekaye kuva mu ntureka za politike zo mu mwaka w’I 2015. Impande zose zemeza ko ari nkenerwa ko imigenderanire isubira kunaguka, yamara ntibarahuriza ku nzira nziza vyocamwo.
Facebook Forum