Iyo ingingo ifashwe mu gihe abarundi bariko baritegurira guhimbaza imyaka 50 irangiye Uburundi buronse intahe yo kwikukira.
Abarundi batari bake barashimye iyo ngongo, bavuga kw’ar’ingingo yari kuba yarafashwe kuva kera. Bavuga kandi kw’iyo ngingo izofasha mu gikorwa co kubwirana ukuri hamwe no kurekuriranira, nk’uko umushingantahe Deo Hakizimana aba I Geneve mu gihugu c’Ubusuisse yabibwiye iradiyo Ijwi rya Amerika.
Tumutege amatwi: