Uko wahagera

Ubufaransa Bwahagaritse Inkino Zose z'Umupira Kugera mu kw'icenda


Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa, Edouard Philippe avuga ko umupira w’amaguru ku rwego rw’ababigize umwunga n’izindi nkino mu gihugu bitazokwemererwa gusubira kubandanya imbere y’ukwezi kw’icenda kw’uyu mwaka.

Ivyo yabitangaje mu bisa nuko yateye akamo kuko ikiringo c’umwaka w’i 2019 gishira uw’i 2020 kirangira.

Yabitangarije mu nama nshingamateka igihe yariko ashikiriza imigambi y’ugukuraho ingingo iziririza abanyagihugu kuva mu ngo zabo kubera ikiza c’umugera wa Corona yatanguye gushirwa mu ngiro kuva italiki 17 y’ukwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka.

Bitegekanijwe ko abategetsi ba League 1 y’umupira w’amaguru mu Bufransa bafata ingingo mu kwezi kwa gatanu ku kugene borangiza ikiringo ca League 1. Muri iki gihe umurwi Paris St Germain uri mu kibanza ca mbere, amanuta 12 imbere y’umurwi Olympique de Marseille uza mu kibanza ca kabiri.

Vyari bitegekanijwe ko ikiringo c’umwaka w’i 2020 gishira umwaka w’i 2021 gitangura mu kwezi kw’umunani.

Abategetsi ba Ligue 1 y’Ubufransa batangaje ko bazokorana ubwa mbere kw’italiki 30 z’uku kwezi kwa kane kugira baganire ingaruka z’ivyatangajwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubufransa, Edouard Philippe ku bijanye n’inkino hamwe n’ubutunzi. Ivyo imbere yuko haba inama ya kabiri yorangiza icese saison y’umwaka w’i 2019 ishira umwaka w’i 2020.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG