Uko wahagera

Tanzaniya: Abatavuga Rumwe na Reta Ntibemera Ivyavuye mu Matora


Tundu Lissu akomeye mu batavuga rumwe na reta muri Tanzaniya n'abanywanyi biwe
Tundu Lissu akomeye mu batavuga rumwe na reta muri Tanzaniya n'abanywanyi biwe

Abatavuga rumwe na reta muri Tanzaniya batangaza ko batiteguriye kwemera ivyavuye mu matora rusangi yaraye atunganijwe muri ico gihugu. Basigura ko ari amatora yaranzwe n’ubusuma burengeje.

Ibiharuro vy’imfata kibanza bimaze gutangazwa vyerekana ko Perezida John Pombe Magufuli wo mu mugambwe CCM uri ku butegetsi kuva Tanzaniya yikukira mu 1961 ari we yaronse amajwi menshi, aho afise 80 kw’ijana. Akurikirwa na Tundu Lissu wo mu mugambwe Chadema afise ibice bigera kuri 15 kw’ijana.

Uwo munyepolitike ahanganye na Perezida Magufuli yitoje nka kandida w’umugamwe Chadema, yavuze ko amatora yabaye atari “amatora” ahubwo ari igishusha nayo, kije “guhohosha” demokarasi muri ico gihugu. Tundu Lissu mu kiganiro n’abamenyeshamkuru yavuze ko we n’umugambwe wiwe batiteze kwemera na gato ibizoyavamwo. Muri ico kiganiro, yagirije umugambwe CCM gushaka kuguma ku butegetsi vyanke bikunde.

Tumwe muri twa sorobo yatanzeko akarorero, turimwo indorerezi z’umugambwe wiwe zitemerewe kwinjira mu biro bitari bike vy’amatora. Yemeje ko hamwe hamwe mbere banasohowe ku nguvu. Uwo munyamategeko w’imyaka 52, yahamagariye abayoboke b’umugambwe wiwe n’abawushigikiye mu myiyerekano yasavye ko yoba mu mahoro no mu mutekano. Yongeye asaba amakungu gushigikira “ Inzira ya demokarasi” muri Tanzaniya.

Umunyecanada Robert Amsterdam asanzwe aburanira Tundu Lissu nawe yasavye Umuryango w’Ubumwe bw’Afurika n’uwa Commonwealth, imiryango Tanzaniya isanzwe ibarizwamwo gukora amatohoza ku vyo yita: "Ubusuma bwabaye muri ayo matora, ihohoterwa n’urugomo vyayaranze.”

Uwundi mugambwe mu yikomeye itavuga rumwe na Reta ya Tanzaniya washikirije amakenga, ni ACT Wazelendo: Uyu wanavuze ko uwari awuhagarikiye muri ano matora Seif Sharif Hamad yahagaristwe n’igipolisi.

Ibitangazamakuru mpuzamakungu bitari bike ntivyemerewe gukurikira aya matora atariko avugwako rumwe. Ni mu gihe interneti n’imbuga zimwe zimwe ziriwe zaciwe mu mihingo itandukanye y’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG