Reta y’igihugu ca Tanzaniya yarifatiye mu gahanga Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuba yagabishije Abanyamerika ku rukurukuru ko ibitero vy’iterabwoba bishobora kuba umwanya uwo ariwo wose mu gice ca Masaki c’umurwa mukuru w’ubutunzi, Dar es Salaam kigenderwa cane n’abanyamahanga.
Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu ca Tanzaniya bwatangaje ku musi wa kane ko iyo ngingo ya Amerika yatumye bamwe mu banyagihugu batekerwa n’ubwoba bwinshi. Bwibukije Amerika akamaro k’ukwubahiriza uburyo bukoreshwa mu migenderanire hagati y’ibihugu.
Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Tanzaniya, Faraji Mnyepe yaravuganye n’icegera c’uwuserukira Amerika vy’agateganyo, Janine Young.
Ku musi wa gatatu Amerika yaremeye ko ambasade yayo ata vyemezo bifadika ifise vy’uko hashobora kuba ibitero vy’iterabwoba ku murwa mukuru w’ubudandaji w’igihugu ca Tanzaniya, Dar es Salaam. Yamara yaragabishije abanyagihugu bayo kwirinda kuja mu bibanza birimwo abantu benshi n’ukuba magabo mu gice ca Masaki.
Ambasade ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntirishura ku mugaragaro.
Ibitero vy’umurwi w’iterabobwa, al-Qaida kuri Ambasade za Amerika muri Tanzaniya na Kenya mu mwaka w’i 1998 vyahitanye abantu barenga 250.
Facebook Forum