Umuriro wadutse uno musi ku wa kane mu nyubakwa iri mu gisagara ca Kaohsiung, mu bumanuko bwa Taiwan wahitanye abantu batari musi ya 46, abandi batari bake barakomereka.
Uwo muriro wadutse muri iyo nyubakwa ndende mu gitondo c’uno musi ku wa kane utandukira ibice bitari bike vyayo imbere yuko abajejwe kurwanya imiriro bashobora kuwuhagarika. Uretse abapfuye 46, abakomeretse ni 41 nkuko ibiro bijejwe kurwanya imiriro vyabitangarije abamenyeshamakuru.
Ivyo biro bimenyesha ko vyarungitse amakamyo arenga 70 kuzimya uwo muriro. Benshi mu bapfuye bari ku magorofa y’indwi n’iy’i 11 abamwo abapanze. Igipolisi mu gisagara ca Kaohsiung kimenyesha ko inyubakwa umuriro wadutsemwo imaze imyaka 40 yubatswe, kandi abayibamwo ari bantu bafise uburyo bubayabaye.
Abarokotse bavuga ko abantu baba muri iyo nyubakwa bagera kw’ijana. Abategetsi ntibakuramwo ubugizi bwa nabi mu vyoba vyatumye umuriro wiyadukiza muri iyo nyubakwa. Abajejwe gutohoza icatumye uwo muriro waduka bariko bararondera ibimenyetso muri iyo nyubakwa muri iki gihe.
Facebook Forum