Uko wahagera

Sudani: Ibihumbi n'Ibihumbi Ntibagira Aho Barara Kubera Imyuzure


Abategetsi b’igihugu ca Sudani n’abategtsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bariko barategekanya infashanyo igenewe abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi batakaje amazu yabo bitumwe n’imyuzure yatewe n’uruzi Nil. Yamara benshi muri bo ntibazi igihe iyo nfashanyo izobashsikira.

Reta ya Sudani itangaza ko yatanze amafranga arenga imiliyoni 150 y’ama pounds y’ico gihugu agenewe gufasha abasinzikajwe n’imyuzure. Ishami ry’ishirahamwe ONU ryitaho impunzi HCR rimenyesha ko ribifashijwemwo na Reta Zunze Ubumwe z’Abarabu ryarungitse itoni 100 z’ibikenewe gufasha harimwo uburengeti, bizoherezwa abanyagihugu mu ntara 12 z’igihugu.

Imyuzure yatewe n’uruzi Nil yahitanye abantu 102 mu gihugu, yonona amazu ibihumbi n’ibihumbi. Abategetsi b’igihugu ca Sudani batangaje ikiringo c’amezi atatu yo mu bihe bisadanzwe.

Abataye izabo bagera ku 8500 n’impunzi 40000 barasinzikajwe n’imyuzure mu bisagara vya Khartoum, mu buserukdo bw’igihugu ku nkengera z’uruzi Nil hamwe no mu ntara ya Darfur. Ishirahamwe HCR ritangaza ko bakeneye infashanyo vyihutirwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG