Uko wahagera

Sudani: Abasaba Perezida Kwegura Bahatswe Gushika ku Kirimba


Abanyagihugu bazindukiye mu myiyerekano yo gusaba Perezida Omar Bashir kwegura
Abanyagihugu bazindukiye mu myiyerekano yo gusaba Perezida Omar Bashir kwegura

Igipolisi cakoresheje imyuka ibabaza mu maso congera kirasa mu kirere uno musi ku wa kabiri mu ntumbero y’ugushwiragiza abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu myiyerekano, bariko bagerageza gutera bagana ikirimba ca perezida wa Sudani wa Omar Bashir mu ntumbero yo kumugondoza ngo ave ku butegetsi.

Abazindutse bakora iyo myiyerekano bagenda baririmba indirimbo z’uguhayagiza igihugu, amahoro n’ubwigenge. Nta makuru y’aboba abaguye muri iyo myiyerekano canke aboba bayikomerekeyemwo aratangazwa.

Imyiyerekano y'uno wa kabiri yatumweko n’urunani rw’amashirahamwe yigenga y’abakozi ifatikanijwe n'imigambwe ikomeye mu gihugu yavyawe n' iyindi yabaye haraheze indwi zibiri yari igamije kwiyamiriza iduzwa ry'ibiciro vy'igitoro.

Ishirahamwe mpuzamakzungu riharanira agateka ka zina muntuAmnesty International ritangaza ko rifise amakuru yizewe kw’igipolisi ca Reta ya Sudani cishe abantu 37 bari muri iyo myiyerekano.

Reta ntihakana ko hari abiciwe muri iyo myiyerekano naho idatanga ibitigiri vy'abayiguyemwo.

Perezida Omar Bashir ariko asabwa n'abanyagihugu kwegura ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’i 1989.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG