Umusirikare akomeye cane mu bakoze kudeta muri Sudani, Jenerali, Abdel Fattah al-Burhan, yashigikiye uno musi ku wa kabiri ingingo y'igisirikare y'ugukora kudeta mu kuvuga ko yafashwe kugira ntihabe ingwano mu gihugu.
Mu kiganiro ca mbere yahaye abamenyeshamakuru kuva atangaje kudeta ku musi wa mbere, Burhan yagirije abanyapolitike gukokeza urwanko rw’abasirikare. Yatangaje ko Abdalla Hamdok, yari umushikiranganji wa mbere, yugaraniwe i muhira iwe, kandi ko atawigeze amukorako, ubuzima bwiwe butageramiwe.
Abasirikare bamuhagaritse hamwe n’abandi bashikiranganji ba reta ku musi wa mbere, amasaha makeyi inyuma yuko Burhan aserutse kuri televiziyo gutangaza isamburwa rw’urwego nyobozi rw’igihugu rwari rwashizweho kugira abasirikare n’abasivile basangire ubutegetsi.
Kudeta yo ku musi wa mbere yarahagaritse ikiringo mfatakibanza cari kugenewe gushikana kuri demokrasi mu gihugu imyaka 2 inyuma yuko umugumuko w’abanyagihugu ukuye ku butegetsi umutegetsi yari amaze igihe kirekire atwaza agahotoro, Omar al-Bashir.
Umutegetsi wo mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu yatangaje ko abantu 7 bishwe ku musi wa mbere mu guhangana hagati y’abari mu myiyerekano n’inteko zijejwe umutekano.
Ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyariyamirije kudeta yo ku musi wa mbere. Vyasavye ko abashikiranganji ba reta bapfunzwe barekurwa kandi ko bizohagarika imfashanyo niyo igisirikare kitarekurira ubutegetsi bugizwe n’abasivile n’abasirikare gusubizwaho.
Facebook Forum