Uko wahagera

Singapore Igejeje Kure Imyiteguro yo Kwakira Trump na Kim


Hoteri Trump na Kim bashobora kuzohuriramwo
Hoteri Trump na Kim bashobora kuzohuriramwo

Igihugu ca Singapore kimenyesha ko umushikiranganji waco ajejwe imigenderanire n’amakungu yiteguriye urugendo i Pyongyang muri Koreya ya ruguru.

Urwo rugendo rugiye kuba imisi mike imbere y’uko Singapore yakira umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru na mugenzi we wa Amerika mu nama yitezwe cane hagati y'abo bategetsi.

Umushikiranganji Vivian Balakrishnan ajejwe imugenderanire n’amakungu muri Singapore
Umushikiranganji Vivian Balakrishnan ajejwe imugenderanire n’amakungu muri Singapore

Urugendo umushikiranganji Vivian Balakrishnan azokora kuri uno wa kane muri Koreya ya Ruguru ruzomara imisi ibiri, rubonwa nk'urugendo rutegura umubonano wa Trump na Kim mu gihe Singapore icuditse na Amerika co kimwe na Koreya ya Ruguru.

Prezida wa Amerika Donald Trump na mugenzi we wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un bazobonana kw’itariki ya cumi na zibiri z’uku kwezi kwa gatandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG