Sentare yubahirizwa ibwirizwa shingiro mu Burundi yemeje ko Evariste Ndayishimiye, umukandida w’umugamwbe Cndd-Fdd, ari we yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu aheruka. Abacamanza 7 bagize iyo sentare bavuze ko ata gice ca kabiri gikenewe kuko uwa mbere yarengeje ibice 50% vy’amajwi.
Iyo sentare yemeje ko uwo mukandida w’umugambwe uri ku butegetsi Cndd-Fdd yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu kubice 68.70 %. Mu kibanza ca kabiri haza umukandida Agathon Rwasa w’umugamwbe CNL ku bice 28.98 % hanyuma mu kibanza ca gatatu hari umukandida w’umugamwbe Uprona Gaston Sindimwo ku 1.63%.
Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yatanganje ko ayo matora yabaye italike 20 z’ukwezi guheze yagenze neza, mu mutekano no mw’ituze. Iyo sentare yateye ivyatsi ibirego vyari vyashikirijwe n’umugambwe CNL wavuze ko wibwe amatora, ko ahubwo ari umukandida w’awo Agathon Rwasa yari gutahukana ikibanza ca mbere c’umukuru w’igihugu.
Abacamanza 7 bagize iyo sentare bavuze ko ivyo birego vya Agathon Rwasa bidafashe kandi ko ata shingiro bifise "nuls et de nul effet" mu gifaransa. N’inama y’abepiskopi katolika yari yashikirije ibirego n’utunenge indorerezi za katolika zabonye ku biro vy’amatora bigera ku 300. N’aha senatre yubahiriza ibwirizwa nshingiro yavuze ko ayo mahinyu adafashe.
Ico bikoze, iyo sentare yarenganuye abashingamateka 3 b’abagore bari mu mugambwe CNL: uwo mu ntara ya Kayanza na babiri bo mu ntara ya Bujumbura harimwo umwe yari ku rutonde ariko mu nyuma agafatirwa mw’Ijenda muri komine Mugongo Manga intara ya Bujumbura agafungwa, maze amatora yose akaba ari mu mpimba.
Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yabasubije ku rutonde rw’abashingamateka batowe. Iyo sentare yavuze ko n’aho utunenge tutabuze, atatwotuma amatora asubirwamwo tuhari, ndetse ko ata n’igice ca kabiri “deuxieme tour” gikenewe kuko umukandida wa mbere yarengeje ibice 50%.
Mu matora y’abashingamateka, n’aho nyene sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yamenyesheje ko umugambwe uri ku butegetsu ari wo watahukanye intebe nyinshi mu nama nshingamateka ku bice 68%, hagakurikira umugabwe CNL n’ibice 22.42% hanyuma umugambwe Uprona ufise 2,43 %.
Ibi bisigura ko umugambwe uri ku butegetsi uzoba ufise abashingamateka 86, CNL n’awo abashingamateka 32, umugambwe Uprona 2, ubwoko bw’abatwa n’abwo bugire abashingamateka 2. Itegeko rigenga amatora mu ngingo y’aryo ya 76, rivuga ko ibitigiri bitangajwe na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro biba ari ntabanduka, kandi ntasubirwamwo.
Uwutavyemeye ntayindi sentare afise yo kwituramwo mu gihugu, kiretse sentare nkuru y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, EAC. Iyi ni na yo Agathon Rwasa yamaze kumenyesha ko azokwitura mu gihe sentare zose zo mu Burundi zitomutunganiriza ku birego vyiwe.
Iyi sentare ya EAC no mu mwaka w’2015 yari yakiriye ibirego nk’ibi vyatanzwe n’amashirahamwe yigenga yasaba ico gihe ko amatora yohagarikwa n’ivyayavuyemwo vyose kuko kubw’ayo, amatora yari yabaye mu ntureka hanyuma sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeza ibitigiri biciye kubiri n’amategeko.
Sentare ya EAC inyuma y’imyaka 3 yarahebuje ayo mashirahamwe yigenga ko idashobora kuvuguruza senatre yubahiriza ibwirizwa nshingiro ku ngingo iba yafashe. Ata gihindutse, umukuru w’igihugu mushasha azorahirira amabanga yiwe mu kwezi kw’8 kuza.
Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru
Facebook Forum