Umugambwe CNL uvuga ko muri uku kwezi kw'cumi na rimwe guheze, abanywanyi bawo bane bishwe mu ntara ya Ngozi mu buraruko bw'Uburundi, abagera kuri 17 batabwa mu mvuto.
Mu ntara za Rumonge na Rutana naho mu bumanuko bushira ubuseruko n'uburengero, mu ndwi zitatu ziheze, abanywanyi b'uwo mugambwe w'icegera ca mbere c'umukuru w'inama nshingamateka barahagaritswe. Batandatu muri bo bakurikiranwa ku caha co gutunga ibigwanisho batabifitiye uruhusha.
Mu gihe Agathon Rwasa umukuru wa CNL yegeka ayo mabi ku rwaruka rw'imbonerakure bamwe mu bajejwe intwaro bamwagiriza ahubwo kugumura abanyagihugu no kwibomorera ingoro z'umugamwe wiwe mu ntumbero yo kwerekana ko atotezwa.
Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza
Facebook Forum