Uko wahagera

Reta y'Uburundi Yoba Igiye Kugurura Amaradiyo Yugaye?


Perezida Evariste Ndayishimiye
Perezida Evariste Ndayishimiye

Kuri uyu wa kane, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yahuye n’abaserukira ibimenyeshamakuru n’amaradiyo vyemewe muri ico gihugu. Perezida Ndayishimiye yasavye urwego CNC rucungera ingene ibinyamakuru bikora kurondera mu maguru masha abatwara amaradiyo yugawe canke yahagaritswe kugira baganire maze barabe ko yosubira kugururwa, gutyo na vyo bigaterera mu kwubaka igihugu.

Perezida Ndayishimiye ntiyatomoye neza amaradiyo n’ibimenyeshamakuru vyegwa n’ako kamo ivyo ari vyo. Ku rutonde rw’amaradiyo yugaye, harimwo abiri mpuzamakungu nk' Ijwi ry’Amerika na BBC y’Abongereza. Ayo maradiyo ni yo yonyene mpuzamakunyu yahoze yumvikana mu rurimi rwikirundi muri ico gihugu.

Hambavu y’izo zibiri, kuva mu 2015 ay’igenga atatu ari yo Bonesha FM, RPA na Radiyo televeziyo Renaissance ntakivugira ku butaka bw’Uburundi. Abarongoye ayo maradiyo n’abamenyeshamakuru bayo baharurwa mw’ijana babarizwa mu buhungiro kuva aho izo radiyo zituririwe mu 2015.

Indongozi z’ayo maradiyo zagiriza inzego za Reta ko ari zo zaturiye zongera zirugara ivyo bimenyeshamakuru. Ubutegetsi bwakomeje kumvikana buvuga ko ayo maradiyo yifatanije n’abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza mu 2015 amaze kuvuga ko azokwitoreza manda ya gatatu.

Kuva mu mwaka w’2018 na ho, amaradiyo abiri mpuzamakungu Ijwi rya Amerika na BBC y’Abongereza ni ho yugarwa. Ayo yose yagirijwe ko ashikiriza amakuru atari yo kandi acanishamwo.

Bamwe mu ndongozi z'amaradiyo bahunze nka Bob Rugurika atwara RPA babwiye Ijwi ry'Amerika ko naho bashima imvugo ya Perezida Ndayishimiye amakenga ari menshi. Bikeka ko bobo ivyo kugurura amaradiyo y’abo bitabaraba, kuko bagifatwa nk’abansi b’igihugu, n’aho bemeza ko atari vyo.

Ijwi ry'Amerika ryabajije uwutwara urwego CNC ingene ivyo biganiro bizogenda. Nestor Bankumukunzi, mu majambo make yagize ati “Nzotumako inama ihuza ibimenyeshamakuru vyugawe na CNC ku wa mbere”. Ku kibazo c'amaradiyo yiba yegwa n'iyo ngingo, Bankumukunzi yishuye Ijwi ry'Amerika agira ati: “Kumenya urutonde rw’ivyo bimenyeshamakuru, vyonsaba kurinda kuraba neza ivyo ari vyo, yamara ubu sindi mu biro”.

Nestor Bankumukunzi yemeye kuzoganira n’Ijwi rya Amerika kuri uyu wa gatanu kugira atange umuco no ku zindi ngingo ziherekeza akamo katewe n’umukuru w’igihugu.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:00 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG