Uko wahagera

Perezida wa Sudani y'Epfo Yasezeranije Abaturage Kudasubira mu Ntambara


Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir yemeye ko atazosubiza igihugu mu ngwano. Hari uno musi ku wa gatanu igihugu ciwe cabimbaje imyaka cumi irangiye kironse intahe y'ukwikukira.

Prezida Kiir yahumurije abanyagihugu ko atazosubira mu ngwano mw’ijambo yashikirije abanyagihugu rihimbaza umusi w’ukwikukira kw’igihugu ciwe. Yasavye abanyagihugu gukorera hamwe kugira bogorore ku myaka 10 yatakaye, basubire gushira igihugu mu nzira y’iterambere muri iyi mwaka cumi iri imbere.

Ni mu gihe Papa Fransisko yatangaje ko azogendera ico gihugu niyo abanyapolitike bakora kurushiriza mu ntumbero y’ukubungabunga amahoro acumbagira muri iki gihe.

Uno musi ku wa gatanu, Papa Fransisko yabwiye abategetsi ba Sudani yo mu bumanuko ko bategerezwa gukora kurushiriza kugira bakomeze amahoro mu gihugu.

Yemeye kugendera ico gihugu aho uruhagara n’ubwicanyi bikirangwa mu bice bimwe bimwe. Yamara yatangaje ko bibabaje kubona Abanyasudani yo mu bumanuko babandanya kubaho bafise ubwoba kandi batabona kazoza kabo.

Prezida Salva Kiir n’umunyapilitike bahiganirwa ubutegetsi, Riek Machar hamwe n’abandi banyapolitike bo muri Sudani yo mu bumanuko igizwe ahanini n’abakristu barakiwe i Vaticano mu mwaka w’i 2019 aho Papa Fransisko yabasavye kudasubiza igihugu mu ngwano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG