Uko wahagera

Perezida Magufuli: Imana Yarazimanganije Corona muri Tanzaniya


Perezida John Magufuli
Perezida John Magufuli

Prezida Magufuli avuga ko Imana yazimanganije ikiza ca Covid-19 mu gihugu ciwe. Yamara abayobozi ba Ekleziya Katolika babibona ukundi. Baragabishije muri iyi ndwi ku bindi bitigiri vyinshi vy’abantu banduye uwo mugera.

Bavuga ko Tanzaniya atari igihugu kiri ukwaco mu makungu. Basaba abayoboke babo barimwo Prezida Magufuli gusenga, yamara bakongera bagafata ingingo zimaze igihe zikwirikizwa mu bindi bice vyo kw’isi, harimwo kwirinda kuja mu bibanza bikoraniramwo abantu benshi canke kwegerana cane n’abandi.

Ikinyamakuru ca Ekleziya Katolika cashize ku rupapuro rwa mbere uno musi ku wa gatanu urwandiko runini ruvuga ko ikiza ca Corona kihari muri Tanzaniya. Ico gihugu carafashe ingingo itandukanye n’ibindi bihugu kuva mu kwezi kwa kane, igihe catangura guhagarika gutanga ibiharuro vya nyuma vy’abandura umugera wa Covid-19.

Benshi mu bategetsi bajejwe amagara y’abantu babeshuje ivyatangajwe na Prezida Magufuli vy’uko ikiza ca Covid-19 cazimanganijwe mu gihugu, barirukanywe mu kazi kabo. Tanzaniya yarafashe intambwe zikomeye mu ntumbero yo guteza imbere igisata c’ingenzi no kwirinda ingaruka zikomeye, zivuye kuri ico kiza. Izo ngingo zitegeka abanyagihugu kuguma mu ngo zabo.

Mu gihe ibihugu vyo muri Afrika biriko birondera incandago imiliyoni n’imiliyoni zo gukingira abanyagihugu bavyo, Magufuli muri iyi ndwi yaragirije abantu bakingiwe hakoreshejwe izo ncandago mu bihugu vyo mu mahanga ko bariko bazana ico kiza mu gihugu. Ntiyemera kandi niba izo ncandago zikora. Yasavye ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu kutihutira ivyerekeye incandago batabanje kumenya neza ko ata bibazo zifise.

Abajijwe ku vyerekeye Tanzaniya ku musi wa kane, umuyobozi w’ikigo kijejwe kwirinda n’ukurwanya indwara muri Afrika, John Nkengasong, yabwiye abamenyeshamakuru ko mu gihe abanyafrika batorwaniriza hamwe ikiza ca Covid-19 ku mugabane wose wa Afrika, bazoba bagiye mu kaga gakomeye

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG