Ibihugu bigize ishirahamwe OTAN bishaka kugumiza inteko muri Afganistani. Yamara bikeneye gushigikirwa na Reta zunze ubumwe z'Amerika. Iyo nkuru yatangajwe uno musi ku wa gatanu na prezida wa Afuganistani, Ashraf Ghani.
Ivyo yabitangaje mu gihe Reta nshasha ya Prezida Joe Biden iriko yihweza umugambi w’amahoro Amerika yahagarikiye, hamwe n’amasezerano yagiranye n’abatalibani mu kwezi kwa kabiri mu mwaka w’i 2020. Ayo masezerano yashizeho ikiringo ntarengwako co mu kwezi kwa gatanu kugira inteko zose za Amerika zibe zavuye muri Afuganistani.
Prezida, Ashraf Ghani amenyesha ko yavuganye n’abategetsi b’igihugu vya Canada, Norvege, Ubudagi n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe OTAN, Jens Stoltenberg. Avuga ko ishirahamwe OTAN ryifuza kubandanya ibikorwa vyaryo muri Afganistani. Yamara atangaza ko ivyo bidashoboka ritabishashijwemwo na Amerika, kubera ubushobozi bwa gisirikare ico gihugu gifise.
Amasezerano Amerika yagiranye n’abatalibani mu mwaka uheze w’i 2020 avuga ko gukura inteko zayo zose muri Afuganistani vyotegerezwa gufatira ku gukene ibintu vyifashe muri ico gihugu hamwe n’uko abatalibani bubahirije ivyo biyemeje, harimwo guhagarika gukorana n’umurwi al-Qaida.
Facebook Forum