Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryifuza kongereza ibitigiri vy'abasirikare b'Abarundi bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n'umutekano muri Republika ya Centrafrika.
Icegera c'umunyamabanga wa ONU ajejwe ibikorwa vyo kugarukana amahoro no kubumbatira umutekano, Jean Pierre La Croix, ari mu rugendo kubonana n'abategetsi b'Uburundi barimwo umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye.
Ku rubuga rwa Twitter, ubushikiranganji bw’imigenderanire bwanditse ko La Croix n’umushikiranganji Albert Shingiro baganiriye ku bijanye n’ukuntu Uburundi buterera agacumu k'ubumwe mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n’umutekano. Ibihugu bahagazeko ni Somaliya na Republika ya Centrafrika.
Mu gatondo La Croix yakiriwe n’umushikiranganji wa mbere, Alain Guillaume Bunyoni. Uwo yavuze ko ingendo y’Uburundi yo kurungika inteko gufasha mu bindi bihugu iterwa n’imvo zibiri nkuru: “Kubera ONU itigeze itererana Uburundi mu bihe vy’amagume hamwe n’uko ari umuco w’Abarundi wo gutabara ababanyi iyo bagize ingorane.”
Inyuma y’umutaga naho yahawe umubonano na perezida Ndayishimiye. Asohotse La Croix yavuze ati: "Naronse akanya ko gukeza Uburundi ku kigoro bukora na cane cane ku vyerekeye guhagarika intambara vyabaye muri Centrafrika mu misi iheze. Muguhagararira amahoro, abasirikare b’Abarundi batanze ikiguzi gikomeye”. Aya majambo yayavuze yibutsa abasirikare 4 b’Uburundi baguye mu bitero mu kwa 12 umwaka uheze n’ukwa mbere uyu mwaka.
Diomede Nzeyimana, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’ighugu nawe yavuze icifuzo shebuja yashikirije kiruta ibindi: Uguserukirwa mu nzego zo hejuru ku rwego rw’intwazangabo muri ONU. Umuvugizi w’ibiro vy’umushikirananji wa mbere nawe yatangaje ko ONU yatumye uwo mukozi wayo mukuru gusaba Uburundi kongereza ibitigiri vy’abasirikare baja muri Centrafrika.
Turetse abasirikare, Bunyoni yemereye icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU kijejwe ibikorwa vyo kugarukana amahoro n’umutekano, ko n’abapolisi b’Abarundi bahari kandi biteguye gukoreshwa. Ikibazo cerekeye umutekano muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo na co nyene bakivuganyeko.
Naho ONU iriko isaba Uburundi kongereza inteko z’abarisikare baja kugarukana amahoro n’umutekano, iryo shirahmwe mpuzamakungu ryahagaritse kuva mu kwa gatandatu 2016 amasezerano yo gufashanya n’igipolisi c’ico gihugu co mu buseruko bwa Afrika cari ica gatatu kw’isi mu birungika abapolisi benshi muri bene ivyo bikorwa kugera ico gihe inyuma y’ibihugu vya Kameruni na Congo Brazaville.
ONU yafashe iyo ngingo inyuma y’ama raporo y’amashirahamwe aharanira ubwigenge bwa kiremwa muntu yerekanye ko abapolisi b’Abarundi bahohoteye abatavuga rumwe n’ubutegetsi cane cane mu gihe c’imyiyerekano yo mu 2015 yo kwiyamiriza ikindi kiringo ca nyakwigendera Prezida Pierre Nkurunziza cateye impari uwo mwaka. N’ubu Reta y’Uburundi iracemeza ko iyo myiyerekano yari imigumuko. Kugeza ubu, Uburundi burungika muri Republika Centrafrika abasirikare bagera kuri 844.
Facebook Forum