Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko mu Burundi icuka ca politike kibandanya kuba kibi kandi ko hacibonekeza ibimenyetso vy’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.
Muri raporo y’amezi atatu aheze ku Burundi umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yasohoye ko biri uko mu gihe ibiganiro bihuza Abarundi vyahagaze. Iyo raporo irashima ko umugwi ujejwe amatora washizeho abawuserukira mu ntara no mu makomine ariko ONU ikababazwa n’uko biboneka ko abafise uruhara bose mu matora batazoyitaba.
ONU ibivuga yishimikije uturorero tw'urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD hamwe n’abatware bo hasi "babandanya kuburabuza abatavuga rumwe na reta, cane cane abanywanyi b’umugambwe CNL".
ONU yerekana ko abanywanyi benshi b’uwo mugambwe CNL bafunzwe, abandi bamaze gukubitwa, abandi bakicwa, abandi nabo baranyuruzwa ndetse n’ingoro nyinshi z'uwo mugambwe zikabomorwa. ONU ishikiriza impungenge z'uko benshi mu banywanyi ba CNL bakunze kugerekwako amabi n’ivyaha bikomeye.
Antonio Guterres avuga ko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati berekanye ko bashaka gusukamwo mabisi mu gutegeka abatwara intara guhagarika ukutihanganirana mu vya politike yamara ko ataco vyashitseko mu mezi atatu aheze.
Antonio Guterres anibutsa ko abatavuga rumwe na Reta bahurikiye mu runani CNARED bemeye ko bazokwitaba ayo matora naho bavuga ko hari vyinshi vyobanza gukorwa kugira bayitabe.
Icegeranyo ca ONU ntigisiga inyuma amarira y’impunzi z’Abarundi zahungiye muri Tanzaniya ziburabuzwa ko zizotahanwa ku nguvu nkuko biri mu masezerano yateweko umukono n’Uburundi hamwe na Tanzaniya.
Kuva mu kwezi kw’umunani, ONU ivuga ko Abarundi 8000 batahukanywe yamara ko abasigayeyo bakibandanya gutakamba bavuga bariko batahukanwa ku nguvu.
Mu gisata c’uburenganzira bwa muntu, umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres avuga ko hakiri ibimenyetso vyinshi vy’abahohoterwa. Atunga agatoke urwego rw’iperereza, igipolisi, urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD hamwe n’abatware bo hasi.
ONU isaba ko icuka ca politike cotosokorwa kugira abashaka kuja mu matora bayajemwo batekaniwe, abe meza kandi mu mutekano ntangere. Muri iyo raporo Perezida Nkurunziza yasabwe kubahiriza ivyo yasezeranije ko atazosubira kwitoza mu 2020, reta yiwe ikemera ibiganiro vyotuma ituze rigaruka.
Icegeranyo gikorwa uko amezi atatu aheze ku Burundi casabwe n’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano. Mu kiganiro giheruka gutangwa n’abavugizi b’inzego za reta, Jean Claude Karerwa Ndezako yavuze ko amaraporo nk'ayo atangwa n’abansi b’igihugu barementanyiriza Uburundi.
Facebook Forum