Uko wahagera

OMS Iripfuza ko Abantu Bose Bahabwa Urucanco rwa COVID-19


Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, arashigikiye ko abantu bose kw’isi boronswa urucanco rw’umugera wa Corona. Ivyo Antonio Guterres yabishikirije kuri uyu wa kane mu gihe hari inama mpuzamakungu ikoranye iriko irarondera uburyo bw’amafaranga yo gufasha muri urwo rucanco.

Guterres asaba iyo nama ko itokwibagira ko n’izindi ncanco ku zindi ndwara zikwiye kubandanya zitangwa, mu gihe hakironderwa urwa corona. Iyo nama iriko iba hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, irongowe n’Ubwongereza, yihaye ihangiro ryo gutororokanya imiriyaridi z’amadolari 7.4 yo gufasha kuronka urucanco rwa COVID-19. Ibihugu birenga 50 vyitavye iyo nama, irimwo kandi n’umugwizatunga akomeye w’umunyamerika Bill Gates.

Umugera wa Corona watumye haba itosekara mu migenderanire ku rwego rw’amakungu, inyuma y’aho Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe za Amerika afatiye ingingo yo gukura Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS. Perezida Trump yabwiye intumwa ziri muri iyo nama ko amakungu akwiye kuja hamwe mu kurwanya ico kiza kandi ko bazobishikako bakoranye inguvu zose zikenewe.

Umugera wa Corona umaze guhitana abantu barenga 380 000 kw’isi kuva ugaragaye mu Bushinwa mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG