Ikigo OBR (Office Burundais de Recettes) kijejwe gutoza amakori n’amatagisi kivuga ko amafranga arenga imiliyaridi 4 y’Amarundi yabwirizwa gutozwa mu makori n’amatagisi buri mwaka mu gisata c’inzahabu n’ubundi butare atinjira mu kigega ca reta.
Ikigo OBR cabishikirije mu nyigisho kimaze iminsi catunganirije abimba inzahabu n’abacukura ayandi mabuye y’agaciro mu Ntara z’Uburaruko bw’igihugu.
Igisata co kwimba inzahabu n’ayandi mabuye y’agaciro ni co cabwirizwa kwinjiriza reta amafranga menshi nk’uko bivugwa n’ikigo OBR kijewe gutoza amakori n’amatagisi.
Gusa ico kigo gitangazwa n’uko atariko bimeze. Ico kigo cerekana ko habwirizwa kwinjira n’imiburi buri ayarenga imiliyoni 5 y’amadolari ariko ko ubu ata n’igice c’ayo kiboneka.
Ni muri iyo ntumbero, guhera ku wa kabiri gushika kuri uyu wa gatanu, ico kigo catunganirije inyigisho abakora muri ico gisata c’inzahabu
Stany Ngendakumana, umuvugizi wa OBR yabwiye Ijwi rya Amerika ko ari mu ntumbero yo kwigisha amategeko abakora ako kazi kugira bashobore gutanga amakori n’amatagisi.
Intara z’uburaruko, cane cane intara ya Muyinga yatowe kuberamwo izo nyigisho kubera ari yo yimbwamwo inzahabu nyinshi kuruta ahandi.
Abakorera akazi ko kwimba inzahabu muri Komine Butihinda, yimbuka inzahabu kurusha ahandi, bo bavuga ko gutanga amakori n’amatagisi ata vyo bazi.
Uwimana Jean Claude, arongoye urunani rw’abo bimba inzahabu, "Coopérative Kunda akazi”, avuga ko ico bo bazi ari amafranga batanga mu kigo kijejwe kugenzura ubucuzi bw’inzahabu gusa.
Izo nyingisho zaratumiwemwo n’abajejwe intwaro kuko ari bo babwirizwa guhimiriza abanyagihugu kugira batange amakori n’amatagisi.
Umwe mu bari mu nama mpanuzwajambo ya Komine Butihinda, abona ko umuti ari uko amategeko yo gutoza amatagisi mu bimba amabuye y’agaciro yomenywesha abo vyega.
Abarwanya ibiturire bobo badoma urutoki ko ico gisata ciziziwe n’ibiturire gusa.
Gabriel Rufyiri atwara ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko abona ko igiturire ari co gituma ico gisata c’ubutare ata kinini giterera mu butunzi bw’igihugu.
Mu mwaka w’2019, ubushikiranganni bw’ubutare n’agataka bwerekanye ko bwinjije mu kigega ca reta ayarenga imiliyaridi 6.
Yaba ikigo OBR co kimwe n’ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire, barahuriza ko ayo mafranga ari make ugereranije n’agaciro k’inzahabu kw’isoko mpuzamakungu
Facebook Forum